Kubwa Grace Mugabe, "n' ikiziga ca Mugabe cotsinda amatora"

Perezida Robert na Grace Mugabe mu nama ya Zanu PF Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Grace Mugabe yongeye kwerekana ko ashigikiye umugabo wiwe, perezida Mugabe akwije imyaka 92

Umupfasoni w'umukru w'igihugu wa Zimbabwe, yavugiye mw'ikoraniro ry'umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF ko 'umugabo wiwe akunzwe cane ku buryo yotsinda amatora n'ubwo yoba ari mu kuzimu'.

Umugore wa perezida Mugabe yavuze ko n'ubwo umunsi uri izina azoteba akitaba Imana, atacobuza ko izina ryiwe rikoreshejwe mu matora yoronka intsinzi ntasubirwamwo.

Perezida Mugabe, akwije imyaka 92, niwe yagenywe guserukira umugambwe uri ku butegetsi mu matora y'umukru w'igihgu yo mu mwaka uza

Grace Mugabe yarangije ijambo ryiwe avuga ko ico coba ari ikimeneytso cerekana ko peerzida Mugabe akunzwe cane.

Haciye imyaka Grace Mugabe afise ikibanza gikomeye muri politike y'umugabo wiwe.

Perezida Robert Mugabe, yagiye ku butegetsi kuva mu 1987, n' ubu akaba yongeye kugenwa kuba umukandida wa Zanu-PF mu matora ya 2018

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Robert Mugabé, akunze gutebura ku myaka yiwe

Mu kwezi kwa cenda umwaka uheze, hakwiragijwe ibihuha ko perezida Mugabe yoba yapfuye inyuma yo kuva mu nama y'Ubumwe bwa Afrika yihuta akaja Dubai.

Ico gihe yatwengeje abantu agarutse kubera ivyo vihuha ayo ivuye ati "nazutse"