Abasirikare ba FARDC baregwa kwica no kurasa ku bapfuye

OImodoka y'abasirikare ba FARDC Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingabo za FARDC ziregwa na ONU kwica abantu barenga 100 muri Kasai

Leta ya Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo imenyesha ko iriko irakora itohoza kuri video imaze iminsi ihanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana abasirikare bayo barasa ku biziga vy'abarwanyi.

Iyo video y'iminota indwi, imaze iminsi ihanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana igikorwa co kurwanya umugwi uzwi kw'izina rya Kamwina Nsapu mu ntara ya Kasai yo hagati.

Umugwi witiriwe umukuru wawo Kamwina Nsapu, watanye mu mitwe n'ingabo za leta mu kwezi kwa munani umwaka uheze.

Abagwanyi ba Kamwina Nsapu ahanini baba bitwaje ibihiri n'amatopito.

Ku munsi wa kabiri, ishirahamwe mpuzamakungu ryatangaje ko ryibaza kw'abasirikare ba Congo boba barishe abantu barenga ijana mu ntambara zabahuje n'uyo mugwi.