Isinzi ryitavye ibirori vyo kurahiza Perezida wa Gambia

Peerzida Adama Barrow Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu isinzi bari bitavye ibirori vyo kurahiza perezida Adam barrow

Perezida wa Gambia amaze kurahira mu mabanga yiwe y'umukuru w'igihugu, aho yavuze ko agiye guteza imbere igihugu ciwe kimaze imyaka mu bihe bigoye.

Uyu munsi wo kurahira kwa perezida Adama Barrow wahuriranye n'uko Gambia yibuka umunsi yaronka intahe yo kwikukira, haraheze imyaka 52.

Bwana Barrow yavuze ko abapfunze batariko baraburanishwa bose bagiye kurekugwa, hagatanguzwa umugambi wo kurekuriranira.

Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko mu gihe c'ubutegetsi bwa Yahya Jammeh, abanyapolitike batavuga rumwe na leta batawe muri yompi bakaborezwa igufa.

Perezida Barrow yiyemeje kandi kunagura igisata c'amagara y'abantu, uburezi n'ubwigenge bw'itangazamakuru.