Ingabo za Iraq zikomeje intambara yo kubohoza Mosul

Vya muzinga biriko birasana mu burengero bwa Mosul Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ingabo za Irak zugururiye umucanwa ku barwanyi ba IS Mosul

Abasirikare ba Iraq batanguye kugaba ibitero bikomeye mu burengero bw' umuji wa Mosul bifashishije ibikoresho bikomakomeye, kugirango batuze abarwanyi ba IS muri ico gice.

Intambara ku muji wa Mosul zatanguye mu gatondo ka kare ko kuri uyu w'Imana, umunyamakuru wa BBC ari muri Mosul akavuga ko zagiyemwo ibimodokari vya gisirikare vy'imitemenwa biharugwa mu majana, abasirikare ibihumbi biherekejwe n'indege zigenda zikorora ibisasu.

Image caption Indege zigendera hejuru y'abasirikare bari mu burengero bwa Mosul

Intambwe ya mbere y'intamabra itumbereza ku birindiro vya IS, mu bumanuko bushira uburengero bwa Mosul, aho ingabo za leta ziriko zihatira gushika ahantu hakirururtse hashobora kuzifasha kubona neza ikibuga c'indege.

Ingabo za Iraq ziramaze kwigarurira akarere k'ubuseruko bw'uwo muji kuva mu kwezi guheze, n'aho nyene bamaze amayinga mu ntambara zikomeye.

Ario hari amakuru avuga ko hari nzu y'uburiro muri ako gace yatezwemwo igisasu c'umwiyahuzi.