Trump yongeye kwifatira mu gahanga abanyamakuru

Trump yavuze ko abanyamakuru bahisha ukuri Uwufise ububasha kw’isanamu APTN
Image caption Perezida Trump ngo yifuza kwivuganira n'Abanyamerika bidaciye ku banyamakuru

Mu ikoraniro yagiriye Melbourne, perezida Trump yavuze ko ibinyamakuru bitashatse 'gutangaza ukuri' kandi ko bifise umugambi wavyo wihishe.

Bwana Trump yaheruka kwihanangiriza abanyamakuru ku munsi wa kane, aho mu biro vyiwe vyagaragaye ko harimwo ibibazo.

Umuhanuzi wiwe mu bijanye n'umutekano Michael Flynn yatanze imihoho muri iyi ndwi.

Perezida Donald Trump ariko ategura kubaza abantu bane mu ntumbero yo gutoramwo umujanama wiwe mu bijanye n'umutekano, asubirira Michael Flynn.

Mu bantu bane perezida Donald Trump yitegura gutoramwo umujanama, harimwo uwahoze aserukira Leta zunze Ubumwe za Amerika mw'ishirahamwe ONU John Bolton canke umuhanuzi nfatakibanza asanganywe ubu, Keith Kellogg.

Hari abandi bantu babiri bo ku rwego rwa general bari ku rutonde rwabo perezida Trump ariko arihweza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abaharugwa mu bihumbi bitavye ikoraniro rya Trump Melbourne muri Florida

Ku munsi wa gatandatu, bwana Trump yatunganije ikoraniro muri Leta ya Florida, aho yashimye ivyo amaze gukora kuva abaye umukuru w'igihugu.

Yongeye kwifatira mu gahanga ibinyamakuru aho yavuze ko ashaka kuvugana n'abanyagihugu bitarinze guca ku bo yise abanyamakuru b'ibinyoma.

Michael Flynn yatanze imihoho mu ndwi iheze, inyuma y'aho bimenyekaniye ko atabwije ukuri abategetsi ku bijanye n'imigenderanire hagati yiwe n'uwuserukira Uburusiya muri Amerika.