Umwiyahuzi yahitanye 18 i Mogadishu

Al-Shabaab ikunze kugaba ibitero vy' ibiyahuzi Mogadishu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al-Shabaab niyo ikunze kuregwa ibitero vy'abiyahuzi

Imodokari y'umwiyahuzi yari yuzuye ibssasu yaturikirijwe mu masanganzira mu gace ka Madina muri Mogadishu, itobekeranya ahari amaduka n'ahanze ibifungurwa.

Umunyamakuru ari Mogadishu avuga ko mu bantu 47 bakomeretse bakiriwe n'ibitaro bikuru vya Medina, babiri baciye bitaba Imana, nk'uko yabibariwe n'uwukuriiye igisata co kuvura kuri ivyo bitaro Duniya Mohamed Ali.

Abo biyongeye biyongeye kuri 16 bahitanywe n'ico gotero kimaze gushika kuri 18, bose ni abanyagihugu basanzwe.

Umugwi al-Shabaab niwo ukunze kugaba ibitero nka ben'ivyo muri Somalia.