"Ntawubereye kunsubirira", Mugabe

Perezida Mugabe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Robert Mugabe buca akwiza imyaka 93

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu gihe buca akwiza imyaka 93 y'amavuka ku musi wa kabiri, perezida wa Zimbabwe yavuze ko atiteguye kuva ku butegetsi.

Perezida Robert Mugabe yavuze atimirije kuva muri politike, kandi ngo nta n'uwo ariko arategura amusubirira.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko umigambwe Zanu-PF uriko urashwanyagukira, kubera ikibazo c'uwosubirira perezida Mugabe, yabaye ku butegetsi kuva mu 1980.

Bavuga ko mu bashobora kumusubirira harimwo umugore wiwe Grace, ubu afise imyaka 51.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Grace Mugabe aherutse kuvuga ko umugabo wiwe n; aho yoba yapfuye yotsinda amatora ya 2018

Grace Mugabe yavuze ku munsi wa gatanu ko 'n'aho perezida Mugabe yokwitoza ari mu kuzimu' mu matora y'umwaka uza, yoyatsinda kuko akunzwe cane.

Uwundi anuganugwa n'icegera ciwe Emmerson Mnangagwa.

Perezida Mugabe ntiyigeze aha agahengwe abo yikeka ko bashbora kurondera kumusubirira.

Mu 2014 yirukanye uwari icegera ciwe Joice Mujuru, yabonwa na benshi nk'uwushobora kuzoba umukuru w'igihugu.