Koreya ya ruguru ikekwa kwica Kim Jong-Nam

Kim Jong-nam Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Kim Jong-nam, mukuru wa Kim Jong-Un yiciwe Kuala Lumpur

Koreya y'epfo irega leta ya Koreya ya ruguru ko iri inyuma y'ubwicanyi bwahitanye Kim Jong-Nam, yapfuye amaze guhuherwa imiti y'ubumara mu kibuga c'indege ca Kuala Lumpur mu ndwi iheze.

Igipolisi ca Maleziya kiriko kirondera abantu bane bo muri Koreya ya ruguru balekwa kwica Kim Jong Nam, ariko kikavuga ko bamaze kuva mu gihugu.

Abantu bane nibo bamaze gufatwa, barimwo umugore avuga ko yahenzwe mu kuja muri ubwo bwicanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru wa Koreya ruguru ntaco aravuga ku rupfu rwa mukuru we

Igipolisi kimenyesha ko abo mu muryango wa Kim Jong Nam aribo bazoshikiriza ikiziga ciwe ni baza kugisaba mu ndwi zibiri ziri imbere.

Kim Jong Nam yari mu murongo w'abaragwa ubutegetsi bwa Koreya ya ruguru, ariko yahavuye adahuza na se Kim Jong Il,ahava aja mu buhungiro murumunawe amaze gufata ubutegetsi.