Ingabo za Iraq zinjiye mu bice vy'uburengero bwa Mosul

Ibirindiro vya IS vyarashwe imbere yo kwinjira muri Mosul Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igisirikare ca Iraq cabanje kurasa ku birindio vya IS

Ingabo za Iraq zimaze gushika aho abo mu mutwe wa IS bataye bimwe mu bigwnaisho vyabo mu muji wa Mosul nk'uko umunyamakuru wa BBC ari yo.

Abayoboke b'umutwe wa IS bataye bimw emu bigwanisho ndetse n'imodokari zipakiye ibisasu bahishije hagati mu nyubakwa, aho ingabo za leta ya Iraq zimaze kugera mumuji wa Mosul.

Image caption Barashaka cane cane ikibuga c'indege ca Mosul

Abasirikare baharugw a mu bihumbi bari muri iki gikorwa co kugaruza umuji wa Mosul, baherekejwe n'indege zirasa ibisasu vya muzinga.

Ikibanza batota cane cane n'ikibuga c'indege ca Mosul.

Uwufise ububasha kw’isanamu QUENTIN SOMMERVILLE/BBC
Image caption Imodokari yatezwemwo ibisasu biturika yafatiwe mu kigwati

Abarwanyi ba IS nabo bakoresha imodokari zipakiye ibisasu biturika.

Hari n'aho bakoresheje ibisasu vyarekuwe n'indege itagenderamwo umudereva bita drone.