Padiri Nahimana yashinze reta ikorera mu buhungiro

Padiri Thomas Nahimana n'abo bari kumwe ku kibuga c'indege ca Nairobi
Image caption Padiri Thomas Nahimana n'abo bari kumwe ku kibuga c'indege ca Nairobi

Padiri Thomas Nahimana yashinze reta ikorera mu buhungiro igizwe n'abashikiranganji cumi na bane harimwo na Victoire Ingabire asanzwe apfunzwe.

Umukuru w'igihugu ni Padiri Thomas Nahimana ubwiwe, akaba yungirijwe n'umushikiranganji wa mbere n'icekera ciwe.

Victoire Ingabire Umuhoza na Deogratias Mushayidi na bo bagenywe muri iyo reta, aho umwe ajejwe umuco, umuryango no guteza imbere umwali n'umutegarugori, uwundi na we ubutungane.

Abo bose bafise ababa barabahagarariye mu mabanga yabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Paul Kagame

Iyo reta isaba reta ihari ubu mu gihugu c'urwanda irongowe na prezida Paul Kagame kwitaba ibiganiro bibahuza.

Basaba kandi kwugurura amarembo bitarenze itariki 23 z'ukwezi kwa gatatu mu 2017 kugira abanyarwanda bose bavyipfuza batahuke mu gihugu, abapfunzwe bapfungurwe, imigambwe yipfuza kwitaba amatora ategekanijwe mu kwezi kw'umunani mu 2017 akemererwa gukora ku mugaragaro ata mananiza.

Padiri Thomas Nahimana yashatse gutahuka mu Rwanda incuro zibiri zose, ariko ubutegetsi bw'Urwanda bumwima ubwo burenganzira.

Ubwa mbere yasubijwe inyuma ageze mu gihugu ca Kenya, aho yamaze imisi itatu arara ku kibuga c'indege citiriwe Jomo Kenyatta ari kumwe n'abo bari bajanye.

Ubugira kabiri bamwankira gufata indege ari mu gihugu c'ububiligi.

Image caption Mpayimana Philippe ashaka kwitoza ku giti ciwe mu matora yo mu kwezi kw'umunani 2017

Gushika ubu, abamaze kumenyesha ko bipfuza kwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu mu Rwanda ni Padiri Thomas Nahimana na Mpayimana Philippe bose basanzwe baba mu gihugu c'Ubufaransa.