Tanzania: Aba 'gay' bakangishwa kwandagazwa

Guhuza ibitsina ku babisangiye bihanishwa imyaka 30 y'igipfungo muri Tanzania Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Imibonano mpuzabitsina hagati y'abagabo basa, canke abagore basa (homosexuality) ni icaha muri Tanzania

Muri Tanzania hadutse impari inyuma y'aho icegera c'umushikiranganji w'amagara y'abantu atangarije abicishije ku rubuga rwa Twitter ko ashobora gusesera agatabi abahuza ibitsina babisangiye mu gushira ahagaragara urutonde rw'amazina yabo bagafatwa kuko barenze amategeko.

Icegera c'umushikiranganji wa Tanzania Hamis Kigwarangalla, n'ubwo atavuze igihe azobikorera, yatangaje ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko azokwandagaza abahuza ibitsina babisangiye/ abo bita aba 'Homosexuels'.

Abagiriza ko mu guhuza ibitsina kwabo bakora ibinyuranye n'amategeko, ndetse bakagurisha bakongera bakamamaza ibikorwa n'abahuza ibitsina babisangiye, bifashashaje uburyo bw'itumatumanako, ivyo vyose ngo bikaba biciye kubiri n'amategeko.

Uwufise ububasha kw’isanamu @HKIGWANGALLA
Image caption Ubutumwa bwa Dr Kigwangalla, avuga ko guhuza ibitsina hagati y'ababisangiye atari imero ivukanwa

Mu mpera z'iyi ndwi uwo mutegetsi yateranye amajambo n'uwundi muntu akoresha twitter, yamwagirije urwanko no kubuza abandu uburenganzira bwo gukoresha internet.

Imwe mu nyishu yatanze, ico cegera c'umushikiranganji, asanzwe ari n'umuganga, yavuze ko abahuza ibitsina babisangiye ari nk'impararo y'abanyamuji, ko iyo avuka ata bakora ivyo bahari.

Amajambo ya Hamis Karwangalla akwirikiye ingingo ya leta ya Tanzania yo kwugara amavuriro agera ku 40, atanga imiti yo gupfupfahaza SIDA, inyuma yo kuyagiriza ko ahimiriza abantu kuja muri uyu mugwi w'abahuza ibitsina babisangiye, ibibonwa nk'icaha mu mategeko ya Tanzania gihanishwa umunyororo w' imyaka 30.