Ubukene, guharika n'iterabwoba bipfana iki?

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Emir wa Kano Lamido Sanusi, agiye guhagurukira ibibazo bitegwa n'ubunini bw'imiryango ikenye

Umukuru w'idini rya Islamu azwi cane muri Nigeria, Emir wo muri leta ya Kano Lamido Sanusi, avuga ko hari isano hagati yo guharika n'iterabwoba.

Mw'ijambo yashikirije ejo, Lamido Sanusi avuga ko abagabo badashobora gutunga umugore umwe, usanga bagera aho bavyara abana nka 20 ku bagore benshi.

Avuga ko abo bana akenshi badashobora kuja mw'ishure, bakerekegwa mu mabarabara, bagakurira mu bukozi bw'ikibi canke agahinduka abakora iterabwoba.

Bwana Sanusi yahoze atwara ibanki nkuru ya Nigeria, yavuze ko afise umugambi wo gusaba itegeko ribuza abagabo kurongora abagore barenze umwe mu gihe badashoboye kubatunga.