Abagore ntibarekuriwe gufata ingendo bonyene muri Libya

Abagore bari mu bagiye imbere mu gushaka amhinduka Uwufise ububasha kw’isanamu Alamy
Image caption Abagore bagiye imbere mu guharanira amahinduka bashobora gufata iyi ngingo nko gusubira inyuma

Ingingo yo kubuza abagore bo muri Libya kwijana mu mahanga ngo iri mu nzira yo kubungabunga umutekano w'igihugu, ariko ataho bihuriye n'ivyiyumviro vy'idini, nk' uko bimeneyshwa n'abategetsi ba gisirikare.

Iyi ngingo ngo ishobora kuzogira ingaruka ku ngenzi zica muri Libya zirengana zerekeza mu karere ko mu buseuko, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC ari mu muji wa Tripoli.

Leta yo mu buseruko bwa Libya, ifise icicaro al-Beyda, iryo tegeko rikaba ryatanguye gushigwa mu ngiro mu kibuga c'indege ca Labraq.

Umuvugizi w'ibiro bikuru vya gisirikare muri Libya, Abdulrazzak al-Naduri, yemereye BBC ko iyo ngingo yafashwe koko.

Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Utugwi tugwi nitwo ducungera ibice vya Libya

Yavuze ko abagore baserukira amashirahamwe yigenga bakunze kuja mu mahanga, ahanini bakoreshwa mu busumyi bw'urusaku n'ibihugu vyo hanze.

Kubona iryo tegeko ritatowe n'inama nshingamateka ariko rija ryamaze gutangura gukurikizwa, vyerekana gucanamwo kuri mu banya politike ba Libya, aho bamwe ku ruhande rwabo bashiraho amategeko bashaka mu karere bagenzura.

Libya yiziziwe n'akajagari kuva mu ingabo zishigikiwe na OTAN zikuye umukuru waco colonel Muammar Gaddafi mu mwaka wa 2011.

Agace k'ubuseruko bayobowe na commandant Khalifa Hafter ayaboye intambara yo kugwanya umugwi Islamic State.