Robert Mugabe ati: "Reka Trump yerekane niba ashoboye".

Perezida Mugabe ntakunze gushikira abanyamerika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mugabe bisanzwe bizwi ko adashigikira abategetsi ba Amerika

Ntibisanzwe kwumva Mugabe ashigikira umutegetsi wo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Amerika yafatiye ibihano perezida Mugabe n'abamwegereye kuva mu 2001, kubera gusunzikaza agateka ka zina muntu no kwiba amatora.

Kubera bimaze gufatwa ko Trump ari umuntu adakurukiza ibintu uko vyitezwe, bwana Mugabe yiteze ko Trump ashobora gukuraho ivyo bihano.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru ca Leta ya Zimbabwe 'the Herald', perezida wa Zimbabwe yamenyesheje ko yakunze politike ya Trump yo gushira imbere abanyagihugu yise 'America First'.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mugabe yari yizigiye ko Trump ashobora kumukuriraho ibihano

Robert Mugabe yavuze ko na Zimbabwe ikwiye kuba iyo abanya Zimbabwe.

Perezida Mugabe ngo yatangajwe n'intsinzi ya Trump, ariko ngo ntiyifuza ko Hillary Clinton yotsinda.

Ikiganiro ciwe kizocishwa cose kuri Tereviziyo y'igihugu ejo, bikazohurirana n'isabukuru ya Mugabe y'imyaka 93.