Mu Burundi hashobora kuba ibinogo rusangi vyatawemwo abantu bishika ku 2,500

Image caption Musenyeri Jean Louis Nahimana

Mu Burundi hashobora kuba hari ibinogo rusangi vyatawemwo abantu bishika ku bihumbi 2,500 bahitanywe n'ubwicanyi bwo kuva mu myaka irenga 45 iheze.

Ivyo vyavugiwe mu kiganiro catunganijwe n'umugwi ujejwe ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, kuri uyu wa gatanu i Bujumbura.

CVR Ivuga ko igiye gutangura igikorwa co kurondera no kwihweza ivyo binogo.

Aloys Batungwanayo yakoze ubushakashatsi ku binogo rusangi biri mu burundi, avuga ko kuva mu 1962 hagiye haba ubwicanyi bwahitanye imigwi itandukanye y'Abarundi.

Icigwa yakoze cerekana ko hari ibinogo rusangi usanga vyatawemwo Abatutsi n'ibindi vyagiye bitabwamwo Abahutu eka mbere ngo hari n'ibindi bipoperanijemwo ubwo bwoko bwompi.

Inyuma y'igandagurwa rya perezida Melchior Ndadaye mu 1993, Aloys Batungwanayo avuga ko naho nyine hibonekeje ibinogo rusangi.

Musenyeri Jean Louis, arongoye CVR, avuga ko kunywanisha Abarundi bishoboka bidaciye mu butungane.

Atanga akarorero ko mu ntara ya Ruyigi aho avuga ko abanyagihugu bashoboye gusubiza hamwe babifashijwemwo na eklezia gatorika.