Abantu imiriyoni 5 nta mazi yo kunywa bafise muri Chilie

Imvura y'isegenya yatumye uruzi Maipo rwuzura imicafu Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imvura y'isegenya yatumye uruzi Maipo rwuzura imicafu

Imvura y'isegenya n'ugusiduka kw'imisozi muri Chilie vyacafuje uruzi rukuru, abajejwe intwaro baca bugara amazi ku bantu bashika imiriyo zitanu.

Ivyo ni kugirango abantu baba ku murwa mukuru, Santiago, ntibahave banywa imicafu bakahakura indwara.

Imvura yatanguye kuwa gatandatu, ica iza izanye ivyondo vyinshi hamwe n'uwundi mucafu, vyisuka mu ruzi Maipo rusanzwe ruronsa amazi ingo zo muri uwo muji.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imvura yajemwo ivyondo vyinshi bishika no mu mazu y'abantu

Abajejwe intwaro bavuga ko amazi azoguma yugawe gushika urwo ruzi ruhezemwo umucafu.

Abantu baciye batangura kubika amazi menshi yo mu macupa bagura mu maduka, abajejwe intwaro bakaba babujije uburiro n'amaduka kwugurura.

Abantu batatu nibo bimaze kumenyekana ko bahasize ubuzima, abashika mirongo ibiri bakaba baburiwe irengero kubera imyuzure.