Akamaramaza mu gusozera ibirori Oscar vy'uno mwaka

Filime La La Land yabanje guhabwa agashimwe katsindiwe na filime Moonlight Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Filime La La Land yabanje guhabwa agashimwe katsindiwe na filime Moonlight

Ibirori rurangiranwa kw'isi Oscar 2017, vyo gutanga udushimwe ku ma filime yarushije ayandi bibera muri Amerika, vyasozerewe n'akamaramaza mu guha agashimwe filime itariyo.

Agashimwe ka filime ifise amasanamu meza kurusha izindi, Best Picture, kari kabanje guhabwa filime La La Land, abayikinye n'abayiteguye baza imbere kwakira ako gashimwe batangura no gushikiriza amajambo.

Ariko abateguye ibirori baciye bahagarikwa bataraheza, bavuga ko ako gashimwe ahubwo katsindiwe na filime Moonlight, yerekeye umusore w'umwirabura ahitamwo kurangura amabanga mpuzabitsina n'abagabo ("gay"), yagerageza gutegera ivy'igitsina ciwe.

Umugabo yari yatangaje filime yatsinze, umukinyi wayo Warren Beatty, yaciye asigura ko yahawe ibahasha itariyo.

PricewaterhouseCoopers, ikigo kijejwe guharura amajwi filime zaronse kugira barabe iyatsinze, casavye ikigongwe kuri ayo makosa.