Umumenyereza Jose Mourinho asaba Zlatan Ibrahimovic kuguma muri United

Umukinyi w'imbere wa Manchester United Zlatan Ibrahimovic Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umukinyi w'imbere wa Manchester United Zlatan Ibrahimovic

Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho, yibaza ko umukinyi w'imbere Zlatan Ibrahimovic azobandanya akinira uwo murwi ku kindi kiringo c'umwaka umwe.

Ibrahimovic afise imyaka 35, yinjiye mu murwi Manchester United avuye muri Paris St Germain mu buryo bwo gutizanya abakinyi, ku kiringo c'umwaka umwe, ariko akaba ashobora gukina uwundi mwaka.

Uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Suede yinjije ibitsindo 26 ku nkino 38 harimwo ibitsindo bibiri yinjije mu rukino rwa nyuma (Finale) rwa EFL, Manchester United yatsinzemwo Southampton 3-2 gurtyo itwara igikombe.

"Nta na rimwe ninginga umukinyi ngo ankinire, ariko twipfuza kandi twibaza ko azoguma hano uwundi mwaka", niko Mourinho yavuze.

Vyanse, Bwana Mourinho avuga ko ashobora kwikora ku bakunzi b'umurwi.

"Sindigera ninginga umukinyi gusinya amasezerano yo gukinishwa ariko ni vyaba ngombwa, abakunzi b'umurwi bazoja ku rugo iwe bamwinginge ijoro ryose."

Abajijwe ku bijanye na kazoza kiwe mu kwezi kwa kabiri i Old Trafford, Ibrahimovic yagize ati: "Nta na kimwe turashikako. Reka turindire turabe."

Avuga ku bijanye n'urukino rwa nyuma rwo ku munsi wa Mungu, yagize ati: "Aho ngiye hose, naratsinze. Nibaza ko kano ari agashimwe kanje ka 32. Bino nivyo nari naburiye abantu."