Abagore babiri bagirizwa urupfu rwa Kim Jong-nam

Doan Thi Huong (i bubamfu) na Siti Aisyah bashobora gukatirwa igihano co gupfa bagiwe Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS/AFP
Image caption Doan Thi Huong (i bubamfu) na Siti Aisyah bashobora gukatirwa igihano co gupfa bagiwe

Abagore babiri bakurikiranwa ku rupfu rw'umugabo avukana n'umukuru w'igihugu ca Korea ya ruguru, bitezwe gushikirizwa ivyagirizo ku munsi wa gatatu, nkuko umushikirizamanza wa Malaysia yabishikirije.

Umushikirizamanza mukuru Mohamed Apandi Ali yavuze ko abo bagore - umunya Indonesia hamwe n'umunya Vietnam - bazokwagirizwa ku mugaragaro kandi ko bashobora gukatirwa igihano c'urupfu igihe boba bagiwe.

Abo bagore bakekwa kuba baramije Kim Jong-nam isumu mu maso ku kibuga c'indege ca Malaysia mu ntango za kuno kwezi.

Bavuga ko bibaza ko bari mu kiganiro cariko kirategurwa hakoreshejwe imbonerakure.

"Bazokwagirizwa hisunzwe itegeko 302 ryo mu gitabo mpanavyaha," niko umushikirizamanza mukuru yavuze, ico caha kikaba kivuga ku vy'urupfu ruhanwa n'ukwicwa igihe umuntu yagiwe.

Yavuze ko ata ngingo irafatwa yo kwagiriza umugabo wo muri Korea ya ruguru, Ri Jong Chol, nawe nyene apfunzwe kubera ubwo bwicanyi.

Koreya ya ruguru ikekwa kwica Kim Jong-Nam

Babiri bandi bafashwe ku rupfu rwa Kim Jong-nam

Umugore akurikiranwa ku rupfu rwa Kim Jong-nam

Abo bagore babiri - Doan Thi Huong, w'imyaka 28, aturuka muri Vietnam na Siti Aisyah, w'imyaka 25, aturuka muri Indonesia - bari mu bantu cumi bikekwa n'ubutegetsi bwa Malaysia kuba bafise uruhara muri urwo rupfu.

Abandi bikekwa n'umukozi mukuru wo mu buserukizi bwa Korea ya ruguru i Kuala Lumpur, hamwe n'umukozi w'ishirahamwe ry'indege ry'igihugu.

Korea yepfo ivuga ata gukekeranya ko bane mu bikekwa, bakora mu gisata c'iperereza ca Korea ya ruguru.

Mu bikekwa hari abaciye bava muri Malaysia urwo rupfu ruhejeje kuba. Abo bakozi, uw'ubuserukizi hamwe n'uw'ishirahamwe ry'indege, ngo boba bari mu buserulkizi bwa Pyongyang i Kuala Lumpur.

Hari intumwa za Korea ya ruguru zo ku rwego rwo hejuru, zirongowe n'uwahora aserukira Korea ya ruguru muri Onu, zashitse ku murwa mukuru wa Malaysia ku munsi wa kabiri.

Bavuga ko bipfuza guhabwa ikiziga c'uwapfuye, ukurekuza Ri Jong Chol n'ugukomeza imigenderanire hagati ya Korea ya ruguru na Malaysia.