Abana bakoregwa amabi menshi bimukira i Buraya

Hari abana benshi bafungiwe mu busho bwo mu gihugu ca Libiya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hari abana benshi bafungiwe mu busho bwo mu gihugu ca Libiya

Icegeranyo c'ishirahamwe ryitaho ibibazo vy'abana Unicef kivuga ko hari amabi menshi abana bakoregwa, igihe baca mu gihugu ca Libiya bimukira i Buraya.

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu riragabisha rivuga ko ubuzima bw'abo bana bubangamiwe na cane cane igihe bafashe izo ngendo.

Abana bashika 26 000 children - badaherekejwe - nibo bajabutse ikiyaga ca Méditerranée mu mwaka uheze.

Ico cegeranyo kivuga ko abo bana bahohotegwa bagakoregwa amabi arimwo ukubahumbisha ku nguvu bishingiye ku gitsina, bakoregwa n'abafata izo ngendo nk'urudandazwa hamwe n'ababajabutsa.

Ni gake bavuga amabi yabashikiye ku gutinya kwifatisha no gusubizwa inyuma.

Unicef ivuga ko bataronka ivyo bafungura, amazi canke imiti, igihe baba bapfungiwe mu bibanza vyategekanijwe muri Libiya.