Donald Trump: "Obama niwe ari inyuma y'imyiyerekano yabaye"

Trump yidogera Obama ku myiyerekano yabaye
Image caption Trump yidogera Obama ku myiyerekano yabaye

Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko azi neza ko Barack Obama ariwe ari inyuma y'imyiyerekano yabaye yo kwiyamiriza abashingamateka b'aba Républicains.

Yabwiye ikigo c'itororokanirizo ry'amakuru Fox News ati: "Nibaza ko Prezida Obama ari inyuma yavyo kuberako abantu biwe bari vyukuri inyuma yavyo", yongera ati: " Nibaza kandi ko ari amapolitike".

Bwana Trump nta vyemezo yatanze kuvyo yavuze; uwo yasubiriye mu biro White House ntaco yabivuzeko.

Uwo mukuru w'igihugu yavuze no ku bijanye n'amahera igihugu gikoresha hamwe no ku bindi bibazo nko kuduza ayagenewe igisata co kwivuna abansi.

Bwana Trump yipfuza kuduza amahera agenewe ico gisata imiliyardi US$ 54 agasigura ko mu gihe ubutunzi bw'igihugu bwokwiyongera, ko ashobora kuboneka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Trump yari mu kiganiro na Fox News

Yahaye ikiganiro Fox News hasigaye amasaha ngo aje kuvugana n'abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka, ibijanye n'imigambi afitiye igihugu.