Abasenyeri muri Kongo bemeza ko hari abadashaka amatora

Abasenyeri Fidele Nsielele (ibubamvu) Marcel Utembi (hagati) na Fridolin Ambongo (iburyo) Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasenyeri bo muri CENCO bemeza ko abateza abakora ubwicanyi ari abadashaka amatora

Urwego rw'abasenyeri ba Gatolika bafashije mu biganiro vya politike muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, ruvuga ko imvururu zihari ziterwa n'abadashaka amatora.

Umuvugizi w'urwo rwego ruzwi nka CENCO, Abbe Donatien Nshole, yabwiye abamenyeshamakuru ko ibitero ku masengero gatolika hamwe n'ahandi bitegurwa n'abashaka gutoba.

Ngo Abanyekongo muri rusangi barindiranye igishika ubutegetsi buvuye mu matora ya demokrasi, bakaba barambiwe no kurindira.

Ngo mu ntara zimwe zimwe za Kongo abantu benshi bariko baricwa, abana bakinjizwa mu migwi y'abarwanyi ku nguvu, abajejwe umutekano bagakoresha inguvu z'ikirenga.

Gutevya amatora

Abbe Donatien abandanya avuga ko amashure yugawe muri izo ntara, ibintu birasahurwa hamwe n'ayandi mabi.

Arongera akabaza ikibazo ati "none ibi vyose kuba bikorwa ubu turiko turavuga ivy'amatora, nta sano bifitaniye"?

Yagize ati ahubwo bigirwa n'ibigirankana mu ntumbero yo gutevya amatora.