Amasasu yasanye aho Francois Hollande yariko avuga ijambo

Francois Hollande yariko avuga ijambo igihe urasu rwacika umwe mu bamurinze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Francois Hollande yariko avuga ijambo igihe urasu rwacika umwe mu bamurinze

Habaye ukurasa igihe umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Francois Hollande, yariko arugurura ibarabara ry'indarayi rya gari yamoshi inyaruka cane.

Amakuru avuga ko umwe mu bamucungerera umutekano yacitswe n'urusasu, bikagaragara ko yirashe mu kirenge.

Umwe mu bategetsi bari ngaho yavuze ko urusasu rwaciye mw'ihema aho abakozi bariko barategura ibinyobwa vy'abatumire bari gufata nyuma y'ijambo.

Yavuze ko urwo rusasu rwaciye mw'itako ry'umwe muri abo bakozi, rurabandanya ruca no mu kuguri kw'umukozi mugenzi wiwe.