Uganda ivuga ko ica gagatu c'igihugu kigeramiwe n'inzara

Intara ya Karamoja mu 2008 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Intara ya Karamoja mu buraruko bushira ubuseruko bwa Uganda, niyo igeramiwe cane n'ikibazo c'inzara

Leta ya Uganda ivuga ko ibice birenga mirongo itatu kw'ijana vy'igihugu muri iki gihe bifise ikibazo gikomeye c'ibura ry'ibifungurwa.

Ibi bije nyuma y'igihe kirekire c'uruzuba mu bice vyinshi vy'igihugu, hamwe no mu bihugu bibanyi vyinshi.

Abantu bigenda birabagora kuronka ibifungurwa kubera umwimbu mubi, indwara z'ibiterwa hamwe no kwiyongera kw'igiciro c'ibifungurwa.

Leta yemeye gufasha abantu babikeneye, ariko bamwe bayagirije kuba ikwega ibirenge.

Intara ya Karamoja iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Uganda niyo igeramiwe cane, ariko kandi n'ibice vy'ubuseruko hamwe n'ubumanuko bushira uburengero navyo ntivyorohewe.