Uburusiya n'Ubushinwa vyanse ibihano kuri Syria

Umukuru w'igihugu ca Syria, Bashar al-Assad n'uw'Uburusiya, Vladimir Putin Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Zibaye inshuro indwi Uburusiya bukoresha ububasha bwabwo muri ONU mu gukingira leta ya Assad

Uburusiya n'Ubushinwa vyakoresheje ububasha bwo kubuza itegeko, mu kwanka ingingo y'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, igamije gufatira ibihano leta ya Syria.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza hamwe n'ibindi bihugu bigize akana ka ONU kajejwe umutekano, vyashaka guhana Syria kubera ivyagiriji vy'uko yakoresheje ibirwanisho vy'ubumara mu turere twagenzurwa n'abayirwanya.

Bubaye ubugira indwi Uburusiya bukoresha ububasha bwo kubuza itegeko mu gukingira leta ya Assad abafise ivyo bayagiriza.

Umukuru w'igihugu Putin yavuze ko ibihano vyobangamira ibiganiro vy'amahoro biriko birabera i Geneve muri kino gihe, hagati ya leta ya Syria n'abo bahanganye.

Amerika yavuze ko Uburusiya n'Ubushinwa vyanse guhana abasirikare bateye ivyuka vy'uburozi bigahitana abagabo, abagore n'abana.