I Tamil Nadu mu Buhindi banse kugurisha Coca na Pepsi

Amashirahamwe y'abadandaza mu Buhindi ashaka guteza imbere ibinyobwa bikomoka mu Buhindi
Image caption Amashirahamwe y'abadandaza mu Buhindi ashaka guteza imbere ibinyobwa bikomoka mu Buhindi

Ibihumbi vy'amaduka mu muji wa Tamil Nadu mu gihugu c'Ubuhindi, yahagaritse kugurisha ibinyobwa vya Coca Cola a Pepsi mu kuvyiyamiriza.

Amashirahamwe abiri akomeye y'abadandaza niyo yahamagaje iki gikorwa kuko avuga ko amahinguriro abiri y'ivyo binyobwa akorera mu Buhindi, akoresha amazi menshi yo mu nzuzi kandi muri kino gihe hari uruzuba.

Bashaka kandi guteza imbere ibinyobwa bihingurwa mu giterwa ca cola bikomoka mu Buhindi, bagabanye ibiva mu mahanga.

Ishirahamwe rihuriza hamwe Coke na Pepsi, Indian Beverage Association, rivuga ko biribabaje cane.