Ihuriro CENARED ubu rirongorwa na Charles Nditije

Umukuru mushasha wa CENARED, Charles Nditije avuga yatsinze Dr Jean Minani mu matora Uwufise ububasha kw’isanamu Charles Nditige facebook
Image caption Umukuru mushasha wa CENARED, Charles Nditije, avuga ko yatsinze Dr Jean Minani mu matora

Ihuriro CENARED ry'abanyepolitike n'imigambwe batavuga rumwe na leta y'u Burundi, ryashizeko urwego nyobozi rushasha nyuma y'amatora.

Charles Nditije asubiriye Dr Jean Minani, akaba yabwiye BBC ko habaye amatora ngo si ugukurwa kwa bwana Minani nk'uko vyavugwa ku mbuga hwaniro.

Icegera ca mbere c'umukuru wa CENARED ni Chovineau Mugwengezo, icegera ca kabiri akaba Onesime Nduwimana, umunyamabanga nshingwabikorwa nawe ni Anicet Niyonkuru.

Bwana Nditije yavuze ko Dr Minani yari arangije ikiringo, kandi ko nawe yari yitoje akanaronka amajwi menshi ariko akamurusha ijwi rimwe gusa.

Ibibazo vyaribonekeje

Urunani CENARED rumaze imyaka hafi ibiri rushinzwe, rukaba rwari rufise intumbero yo kurwanya ikiringo ca gatatu ca Prezida Pierre Nkurunziza no kwubahiriza amaserano ya Arusha.

Image caption Dr Jean Minani yahora arongoye CENARED

Rwari rugizwe n'abanyepolitike batandukanye, abatavuga rumwe na leta hamwe n'abiyonkoye ku mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

CENARED kandi yari irimwo abo mu mashirahamwe avuga ko adaharanira ivyicaro vya politike.

Yagiye irahura n'ingorane zitandukanye, zirimwo kutumvikana ku ntumbero yokurikizwa mu kurwanya ubutegetsi bw'i Bujumbura, hamwe no kudatumirwa mu biganiro bihuza Abarundi i Arusha muri Tanzaniza, kuri iryo zina.

Vyananugwanugwa ko urwo runani rwoba rugire rusambuke, ariko umukuru warwo Charles Nditije avuga ko ivyo atarivyo na gato.