Umushikirizamanza mukuru wa Amerika asabwa gukinjura

Jeff Sessions yari mu murwi w'inama nkenguzamateka ukurikirana ibibazo vya gisirikare mu mwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jeff Sessions yari mu murwi w'inama nkenguzamateka ukurikirana ibibazo vya gisirikare mu mwaka uheze

Umushingamateka akomeye w'umu Democrate, Nancy Pelosi, yasavye umushikirizamanza mukuru wa Amerika Jeff Sessions gutanga imihoho inyuma yaho bimenyekanye ko yabonanye incuro zibiri n'uwuserukira igihugu c'Uburusiya (Sergei Kislyak) igihe c'iyamamaza rya Donald Trump.

Umupfasoni Pelosi amwagiriza kubesha igihe yarahirira amabanga y'abaserukira abanyagihugu mu nama nshingamateka, ko adakwiye kwitwa umukozi afasha kwubahiriza amategeko.

Bwana Sessions arahakana ko atigeze ahura n'abategetsi b'Uburusiya ngo bavugane ku bijanye no kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu.

Ka mushikirizamanza mukuru, Bwana Sessions agenzura ibikorwa vy'urwego rujejwe iperereza FBI, ruriko ruratohoza ingene Uburusiya bwoba bwaragize uruhara mu matora aheruka y'umukuru w'igihugu muri Amerika.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu White House bivuga ko ata nyifato itabereye yibonekeje igihe co kwiyamamariza amatora kandi ntaco vyashilkirije ku bijanye n'ibivugwa kuri Bwana Sessions.

Ubushikiranganji bw'ubutungane bwemeje ko Bwana Sessions yahuye n'uwusewrukira Uburusiya Ambassadeur Sergei Kislyak, asanzwe ari mu murwi w'inama nkenguzamateka ukurikirana ibibazo vya gisirikare. Ngo boba babonanye incuro zibiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Sergei Kislyak aserukira Uburusiya muri Amerika

Uwuserukira igihugu c'Uburusiya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika Sergei Kislyak ntaco arashikiriza ku bijanye n'ibiriko biravugwa.

Uburusiya bwamye buhakana ko butigeze bugira uruhara mu matora aheruka y'umukuru w'igihugu muri Amerika.