Ubwicanyi bwiyongera muri RD Congo "buteye amakenga"

Ubutegetsi bwa RD Congo buvuga ko ata mahera akwiye ahari yo gutunganya amatora mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubutegetsi bwa RD Congo buvuga ko ata mahera akwiye ahari yo gutunganya amatora mu 2017

Icegeranyo gishasha c'ishirahamwe mpuzamakungu Onu kuri Congo kivuga ko ubwicanyi buguma bwiyongera inyuma yaho amatora yigirijwe imbere, abanyagihugu bakabuzwa kuja mu myiyerekano.

Abasirikare b'igihugu hamwe n'imirwi itandukanye y'inyeshamba ngo nibo bakora ahanini ubwo bwicanyi.

Mu cegeranyo cari catanzwe mu kwezi kwa kabiri guheze, umuvugizi w'uwuserukira umunyamabanga mukuru wa Onu ku bijanye n'agateka ka kiremwa muntu, yavuze ko afise amakenga ku makuru avuga ko abasirikare b'igihugu, FARDC, bishe abantu 100 igihe batana mu mitwe n'abagwanyi bo mu murwi Kamuina Nsapu mu ntara ya Kasai Central hagati y'itariki 9 na 13 z'ukwezi kwa kabiri.

Ico gihe abasoda ba FARC ngo buguruye umuriro ata kuvangura ku nyeshamba bica abagore 39. Onu ivuga ko hakoreshejwe inguvu z'ikirenga.

Iruhande y'abasirikare ba leta, imirwi y'abitwaje ibigwanisho iravugwa mu bwicanyi bwiyongeye kuva mu mpera z'umwaka uheze.

Ikigo ca Onu gikurikirana ivy'agateka ka kiremwa muntu kivuga ko hari abasivile 31 bishwe n'imirwi y'abitwaje ibigwanisho mu kwezi kwa mbere 2017. Iyo migwi igizwe na FDLR, ADF, "Forces de résistance patriotique de l'Ituri" na Mayi-Mayi Nyatura.

Kuva aho amatora yarategekanijwe mu mpera y'umwaka uheze yigirijwe inyuma, ubwicanyi ngo niho bwaciye butangura kwiyongera, bigaturuka kandi nuko abanyagihugu biyamiriza ugusubira kwitoza kwa Prezida Joseph Kabila babujijwe kuja mu myiyerekano. Abasirikare b'igihugu ngo barica abahirahira gusubira mu mabarabara.

Onu ivuga ko ubwo bwicanyi bukogwa muri kino gihe buteye amakenga kandi ko bushobora kubandanya bwiyongera.

Abarongoye Ekleziya gatorika basaba ko amasezerano ashigwa mu ngiro

Bino bibaye mu gihe ubutegetsi bwa Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo bumaze gushikiriza ko amatora adashobora gutunganywa uno mwaka, kubera ukatabona aho amahera angana hafi n'imiliyardi zibiri z'amadolari akenewe azova.

Abarongoye Ekleziya gatorika ya Congo bahagarikiye ibiganiro, bafise nabo nyene amakenga ko ibintu bishobora kwunyuka mu gihe amasezerano yateweko umukono itariki 31 z'ukwezi kwa 12 yatevye kuja mu ngiro.

Vyategekanywa ko hashingwa leta ihuriwemwo n'imirwi yose itavuga rumwe, yorongogwa n'uwuserukira imigambwe itavuga rumwe n'iyiri ku butegetsi, ariko ikaba yatevye gushingwa na burya uwoyirongoye Etienne Tshisekedi aheruka kwitaba Imana.

Umuhungu wiwe Félix Tshisekedi niwe anugwanugwa mu bomusubirira.