Uburusiya bushobora gusubira mu mahiganwa ya "Athlétisme"

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Coe avuga ko hari akarusho mu vyo Uburusiya bukora mu kugwanya kwitera imiti yongereza inguvu

Uburusiya bushobora gusubira mu mahiganwa mpuzamakungu y'abanonotsi ("Athlétisme"), niko ishirahamwe mpuzamakungu ry'ubunonotsi, IAAF, rivuga, risigura kw'ico gihugu cateye intambwe iboneka mu kugwanya ingeso yo kwitera imiti yongereza inguvu.

IAAF yarahagaritse abanonotsi bo mu gihugu c'Uburusiya kuja mu mahiganwa mpuzamakungu, kubera ingeso yo gukoresha imiti yongera inguvu igihe basiganwa n'abandi.

"Ingingo ikomeye twafashe iratanguye kuba ngirakamaro ("...is starting to bear fruit")," niko Lord Coe arongoye IAAF yavuze.

Ikigo mpuzamakungu gifasha guhasha ikoresha ry'imiti yongereza inguvu mu bunonotsi "World Anti-Doping Agency" (WADA), kivuga ko "cahawe ingoga"bitewe nuko Prezida Vladimir Putin yiyemereye ko uburyo bw'ubutegetsi bw'Uburusiya bwo kugwanya iyo ngeso "ataco bwatanze".

Aho kwemera ko hari umugambi wateguwe n'igihugu wo kwiba mu mahiganwa hakoreshejwe iyo miti, Putin we avuga ko uburyo bwo kugwanya iyo ngeso butakunze.

Coe yemeje ko "bishoboka" ko Uburusiya busubira mu mahiganwa mpuzamakungu ategekanywa mu kwezi kwa cumi na rimwe mu gisagara ca Londres mu Bwongereza.

"Ishirahamwe rishasha ririmwo abantu nibaza ko bagerageje gukemura ivyo bibazo," niko Coe yabwiye BBC Radio 4.

"Dukwiye kwemera akigoro kariko karakogwa.

"Dutegerezwa kubandanya dukora ngo haze mu mahiganwa abarusiya batyoroye.

"Ico nico cabaye igikorwa cacu kuva igihe iryo shirahamwe rihagarikiwe."

Mu cegeranyo cakozwe na McLaren gisabwe na WADA mu kwezi kwa 12, bivugwa ko abanonotsi barenga 1 000 bo mu Burusiya bafashijwe na leta kwiba mu mahiganwa hagati ya 2001 na 2005.