Oprah Winfrey yipfuza kugwanira ubutegetsi

Winfrey avuga ko kuba ata buzobere afise, bitomubuza kwinjira White House Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Winfrey avuga ko kuba ata buzobere afise, bitomubuza kwinjira White House

Umunyamerika rurangiranwa mu biteramo vyo ku mbonerakure muri Amerika Oprah Winfrey, avuga ko ashobora gukura ku cicaro Donald Trump mu biro White House.

Yabwiye imbonerakure Bloomberg ko kubona Prezida Trump yaratowe ata buzobere afise, bituma nawe yiyumvira ko ashobora kugwanira iyo ntebe yo mu biro bikuru.

Uwo mukenyezi w'imyaka 63 atunganya ibiganiro vyo kuri "télévision" yari yashigikiye Hillary Clinton, yaheruka kuvuga ku migambi yiwe ya politike ariko ubu akaba yivugiye ko ashobora kugwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu.

"Nta na rimwe nishiramwo ko vyonashoboka," niko yabwiye umumenyeshamakuru David Rubenstein wa Bloomberg, abajijwe ko yoba yiyumvira kwitoza.

"Ndavyiyumvira, Oh...oh?"

Agereranya nivya Trump, Bwana Rubenstein yamubwiye ati "biribonekeza ko udakeneye ubuzobere mu vyo gutwara ngo ushobore kwitwa prezida wa Amerika".

"Ivyo nivyo nibaza," niko yabandanije avuga. "Ndavyibaza...Nta buzobere mfise, sinzi bikwiye ingene vyifashe, ariko nkaba ndavyibaza, Oh."

Winfrey yarashigikiye prezida yahahora Barack Obama mu 2008, abantu bakavuga ko yamufashije cane mu matora y'ijonjora, ahiganwa na Hillary Clinton.