Marine Le Pen yambuwe ubudahangagwa ku mafoto ya IS yerekanye

Le Pen ari mu bagwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu Bufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Le Pen ari mu bagwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu Bufaransa

Inama nshingamateka ya Buraya yambuye ubudahangagwa umukandida agwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu Bufaransa, Marine Le Pen, kugira ashobore gukurikiranwa ku vyo yagirizwa bijanye no gukwiragiza amafoto ya Islamic State (IS).

Le Pen ariko arakogwako itohoza mu Bufaransa mu kuba yashize mu 2015 ku rubuga hwaniro rwa Twitter amafoto atatu yerekana ubwicanyi bukogwa n'umurwi IS, harimwo iyicwa, abanje gucibwa umutwe, ry'umumenyeshamakuru aturuka muri Amerika, James Foley.

Mu gihe ari mu bagize inama nshingamateka ya Buraya, bisigura ko atashobora gukurikiranwa.

Umukenyezi Le Pen ari mu bagwanira ikibanza c'umukuru w'igihugu mu Bufaransa.

Amatohoza akogwa ku bijanye n'ivyiyumviro vy'abanyagihugu ("sondage d'opinion") yo muri kino gihe, yerekana ko ashobora gutsinda amatora ya mbere ategekanijwe mu kwezi kwa kane ariko umunyapolitike wundi Emmanuel Macron asa naho ashobora kumutsinda mu matora ya kabiri mu kwezi kwa gatanu.