Guhanisha inkoni mu mashule vyihanikijwe muri Zimbabwe

Guhanisha inkoni mu mashule biragwiriye muri Zimbabwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Guhanisha inkoni mu mashule biragwiriye muri Zimbabwe

Sentare ya Zimbabwe yihanikije ingeso yo gukubita abana haba mu mashule canke muhira, inyuma yaho bamwe mu bavyeyi bari bamaze iminsi bidoga.

Hari umuvyeyi yidoze avuga ko umwana wiwe yiga mu mwaka wa mbere, ishule ryigamwo abafise imyaka itandatu, yarafise imimyore amaze gukubitwa n'umwigisha.

Linah Pfungwa avuga ko umwana wiwe yahanywe kuberako igitabo asabwa gutanga muhira, kitarimwo umukono w'abavyeyi werekana ko yakoze igikorwa co muhira (devoir).

Sentare ica imanza zerekeye ibwirizwa shingiro itegekanya kwihweza iyo ngingo.

Umumenyeshamakuru wa BBC akorera Harare Shingai Nyoka yavuze ko niyemezwa, ishonbora gutuma abavyeyi bahindura ukuntu bamaze igihe kirekire bashira ku murongo abana babo muri ico gihugu ca Afrika.

Bamwe mu bavyeyi ntibashimye iyo ngingo, mu gihe imirwi iharanira agateka ka kiremwa muntu yo ivuga ko ifashwe hararengeranye.

Umukenyezi Pfungwa avuga ko ayo makuru yamenyekanye ayacishije ku rubuga hwaniro.

"Nashize amafoto y'umukobwa wanje kuri WhatsApp kugira ngo abandi bavyeyi babone ivyadushikiye, munyuma dusanga abana benshi bama bakubitwa."