RD Congo irahakana icegeranyo ca Onu

Habaye imyiyerekano myinshi yo gusaba Prezida Kabile ngo ave ku butegetsi
Image caption Habaye imyiyerekano myinshi yo gusaba Prezida Kabile ngo ave ku butegetsi

Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) irahakana icegeranyo giherutse gusohogwa n'ishirahamwe mpuzamakungu Onu, cagiriza abasirikare b'igihugu kwica abanyagihugu baja mu myiyerekano.

Leta ya Congo ihakana ico cegeranyo ivuga ko ibirego bivugwa ari amakuru y'ibinyoma afise intego yo kwambika iceyi ubutegetsi bwa Congo.

Ico cegeranyo casohotse ku munsi wa kabiri, kivuga ko niburiburi abantu 40 b'abasivile, biciwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila mu kwezi kwa 12, ku murwa mukuru Kinshasa.

Kivuga ko bamwe mu bari muri iyo myiyerekano bakubiswe n'abasirikare hamwe n'abapolisi b'igihugu gushika aho bapfa.

Umushikiranganji ajejwe ihererekana ry'amakuru Lambert Mende, avuga ko isohorwa ry'ico cegeranyo rifise intego yo gutanga isura mbi ku butungane, politike y'igihugu hamwe no ku nzego zijejwe umutekano, aho kurondera kwuzuriza abagiriye ingorane muri iyo myiyerekano.

Igihugu kirangwamwo imidurumbanyo kuva aho Kabila yankiye kuva ku butegetsi mu kwezi kwa 12, ikiringo ciwe kirangiye.