Al-Shabab yatanye mu mitwe n'igisirikare ca Kenya

Abasirikare ba Kenya bari muri Somalia kuva 2011 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba Kenya bari muri Somalia kuva 2011

Igisirikare ca Kenya cavuze ko inteko zaco zishe abagwanyi 57 bo murwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu al-Shabab mu ngwano yabereye mu bumanuko bwa Somalia ku munsi wa gatatu, niko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryanditse kuri Twitter.

Abasirikare ba Kenya bakorerayo kw'izina ry'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika mu murwi Amisom bakoresheje ibigwanisho bikomakomeye hamwe na za kajugujugu bahangana n'abo bagwanyi hafi ya Afmadow, igisagara kiri ku birometero 100 uvuye ku kivuko ca Kismayo.

Itangazo ry'igisirikare ca Kenya kivuga ko hari n'abandi benshi bakomeretse.

Al-Shabab irahakana ivuga ko ata mugwanyi numwe wayo yishwe muri ici gitero.

Mu kwezi kwa mbere mu 2016, abo bagwanyi ba al-Shabab barateye ikirindiro c'abasirikare ba Kenya muri Somalia aho bivugwa ko bishe abasirikare 100.

Ubutegetsi bwa Kenya, buhakana ico gitigiri, bwaravuzwe cane bitewe nuko butigeze bushaka kuvuga igitigiri c'abasirikare baco baguye muri ico gitero.

Itangazo ry'igisirikare ca Kenya hano munsi

Uwufise ububasha kw’isanamu Kenya Defence Ministry
Image caption Itangazo ry'igisirikare ca Kenya