Ibinini vya malaria bikingira ingwara zishingiye ku gitsina

Abagore bakurikira impanuro kwa muganga Uwufise ububasha kw’isanamu UN
Image caption Abagore bakurikira impanuro kwa muganga

Mu bushakashatsi buheruka gukorwa, bivugwa ko ibinini vyo kwikingira malaria vyahawe abagore bibungenze bo mu bihugu 35, vyerekanye ko bishobora kubakingira no ku ngwara zishingiye ku gitsina (STIs).

Muri ivyo ubushakashatsi bwatoye, bisigura ko ikinini kimwe gishobora gukingira ku ngwara zibiri ziri mu zishobora kubangamira ubuzima bw'umuvyeyi n'ubw'umwana.

Mu gihe gikingira abagore bibungenze kuri malaria, ikinini "sulphadoxine-pyrimethamine" (SP) basanze gifasha gukingira ku ngwara za mburugu, "chlamydia", "trichomoniasis" na "bactéries" zitera igitsina-gore, niko ishule "London School of Hygiene & Tropical Medicine" ryavuze.

Hari abana 880 000 bapfira mu nda hamwe n'imiliyoni 1.2 y'abana bapfa bavutse ku mwaka mu karere ka Afrika ko mu bumanuko bwa Sahara, benshi muri abo bana bakicwa n'ingwara zitera abavyeyi.

Abakoze ubwo bushakashatsi bizeye ko uwo muti wo gukingira abagore bibungenze mu turere tugwiriyemwo malaria, ugiye gukwiragizwa kubera bino vyatowe.