Félix Tshisekedi agiye kurongora abarwanya leta ya Congo

Félix Tshisekedi, umuhungu wa Etienne Tshisekedi yitavye Imana Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Félix Tshisekedi, umuhungu wa Etienne Tshisekedi yitavye Imana

Umuhungu wa Etienne Tshisekedi aheruka kwitaba Imana, Félix Tshisekedi, yagenywe kurongora urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na leta muri Congo.

Félix Tshisekedi agiye kuba umukuru w'umurwi uhurikiyemwo imigambwe icenda igwanya Prezida Joseph Kabila.

Igenwa ryiwe ryemejwe mu gihe hari imigambwe ibiri itarishigikira.

Ikindi kibanza gikomeye ni ic'umukuru w'umurwi w'ibiro bijejwe politike, cegukiye uwahora akorana na Kabila, Pierre Lumbi.

Mu mpera z'umwaka uheze, uwarongoye igihe kirekire urunani rw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, Etienne Tshisekedi niwe yari hejuru muri urwo runani, biga kazoza k'igihugu ku vyerekeye uwukwiye kurongora igihugu.

Mu burongozi mfatakibanza, Bwana Kabila asabwa gutanga imihoho inyuma y'amatora, ategekanywa uno mwaka. Ikiringo ciwe ca kabiri, kikaba carangiye mu kwezi kwa 12 mu mwaka uheze.

Urupfu rwa Bwana Tshisekedi mu kwezi guheze, rwatumye abamushigikira batana mu mitwe n'inteko zijejwe kubungabunga umutekano i Kinshasa.