Trump arashigikiye umushikirizamanza mukuru

Bwana Sessions (i bubamfu) ari mu bashigikiye Trump yitoza Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bwana Sessions (i bubamfu) ari mu bashigikiye Trump yitoza

Umukuru w'igihugu ca Amerika Donald Trump yashigikiye umushikirizamanza mukuru Jeff Sessios nk'"umunyakuri" mu gihe hari abipfuza ko atanga imihoho.

Abo mu mugambwe w'aba Démocrates bavuze "ko yabeshe ugereranije n'ivyo yarahiriye" igihe yabazwa ku migenderanire yoba yaragiranye n'uwuserukira igihugu c'Uburusiya.

Bwana Trump yavuze ko Sessions "yari gushobora gutanga inyishu irashe ariko ngo ntivyamuvuyeko" aca avuga ko aba Démocrates bamuhiga nk'abakurikirana umurozi ("chasse aux sorcières").

Hagataho Bwana Sessions yavuze ko yikuye mw'itohoza ryo kuraba niba Uburusiya bwoba bwarivanze mu matora aheruka yo muri Amerika.

Aba Démocrates baguma basatira Bwana Sessions, bavuga ko insiguro ziwe ku bijanye nuko yoba yarabonanye n'uwuserukira igihuhgu c'Uburusiya mu 2016 "zidafashe".

Bwana Trump yavuze ko aba Démocrates "batsinzwe amatora none ubu naho vyanse ko babumbatira ukuri".

Igihe c'iyamamaza ryiwe, hari amakuru yavugwa ko bamwe bo mu murwi wiwe bahuye n'abategetsi b'Uburusiya, ko ubutegetsi bwa Moscou bwivanze mu matora burondera kumushigikira.

Umukuru w'igihugu yavuze kw'ivyo birego ari "amakuru adafashe".

Umushikirizamanza mukuru wa Amerika asabwa gukinjura