Abashinwa bariko barahukana ku bwinshi

Ikarata y'Ubushinwa
Image caption Ikarata y'Ubushinwa

Abubakanye bo mu ngo 160 mu kigwati co mu buseruko bw'Ubushinwa, bahisemwo kwahukana ngo baronke agashumbusho kanini, inyuma yaho inzu barimwo zibomorewe.

Ikigwati ca Jiangbei, mu ntara ya Jiangsu, kiriko kirasambugwa kugira ngo gikoregwemwo ibikorwa vy'iterambere.

Abubakanye basanga boca baronka inzu zibiri hamwe n'amahera $19 000 yo hejuru, igihe boba bahukanye umwumwe agasaba agashumbusho ku giti ciwe.

Bamwe murabo bantu bafise imyaka irenga 80, benshi bakavuga ko bazoca baguma babana.

Iyo miryango imaze imyaka myinshi ibana nta kundi ifise yogira atari ukwemera kuja mu nzu leta yabateguriye.

Iyo miryango isanga ko mu gihe yoba yituye sentare ikahukana, ko ishobora gusaba ayandi matongo hamwe n'amahera iruhande.

Ikigo gifise ubuzobere mu vy'amategeko gisaba amahera $2 000 iyo gifasha abantu bipfuza gutandukana, niko itororokanirizo ry'amakuru China Daily rivuga.

Bamwe mu boba bahukanye biyumvira ko bosubirana haheze igihe.

"Abantu bose bariko babikora ukwo, ibindi tuzobigarukako munyuma," niko umwe mu baba muri ico kigwati yabwiye Nanjing Morning Post.

Ubutegetsi bwavuze ko buzi ivyo abo bantu barimwo, ariko ngo ntiburamenya ko buzohindura ingene bwobashumbusha.

Ibintu nka mwenivyo vyarashitse mu karere ka Nanjing, igisagara gikuru c'intara ya Jiangsu, niko China Daily yavuze.