Umuhigi w'ibikoko vyo mw'ishamba yakatiwe 12 muri Tanzania

Boniface Matthew Maliango batazira Shetani Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK
Image caption Boniface Matthew Maliango batazira Shetani

Umugabo karuhariwe mu ruhigi rutemewe n'amategeko rw'ibikoko vyo mw'ishamba ku mugabane wa Afrika azwi kw'izina rya "Shetani", yakatiwe igipfungo c'imyaka 12 na sentare ya Tanzania.

Boniface Matthew Maliango, yaramaze gutoroka incuro nyinshi, yafashwe mu kwezi kw'icumi 2015.

Umumenyeshamakuru yakurikiranye urwo rubanza i Dodoma ku murwa mukuru wa Tanzania, yavuze ko uwo mugabo azwi cane ku mugabane wa Afrika, yafatanywe amenyo y'inzovu 118 hamwe n'amahera arenga $860 000.

Ikigo PAMS gikorera muri Tanzania cafashije kugira urwo rubanza rushoboke, cavuze kurwo rubanza rwabaye urwa mbere mu zindi nyinshi zimuraba, mu makuru cacishije ku rubuga hwaniro rwa Facebook.

Kivuga ko Maliango arondegwa mu bitero 15 vy'ukwiba amenyo y'inzovu mu bihugu bitanu vyo muri Afrika.

Kuri Twitter, hari abakeje ubutegetsi bwa Tanzania bavuga ko bwakoze igikorwa gihambaye.