Itorwa rya Antoine Hey ka mumenyereza w'Urwanda ngo ntiritangaje

Antoine Hey (imbere), umumenyereza mushasha w'umurwi w'Urwanda
Image caption Antoine Hey (imbere), umumenyereza mushasha w'umurwi w'Urwanda

Igena ry'umudagi Antoine Hey ka mumenyereza w'umurwi w'Urwanda, Amavubi, ngo ntiritangaje mu gihe amashirahamwe y'umupira w'amaguru y'Urwanda n'Ubudagi ngwaheruka gutera igikumu ku masezerano yo gukorana, niko ikinyamakuru "Newtimes" co mu gihugu c'Urwanda canditse.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo mu Budagi ngo ryemeye gukoresha imyimenyerezo urwaruka rwo mu Rwanda hamwe n'abamenyereza b'ico gihugu.

Umumenyereza Antoine Hey ,umudagi w'imyaka 46, yemejwe kuba umumenyereza w'Amavubi y'Urwanda, haheze amezi uwo yasubiriye Jonathan Mc Kinstry yirukanywe ,mu kwezi kw'umunani umwaka uheze.

Antoine Hey yasinye amasezerano y'akazi y'ikiringo c'imyaka ibiri, akaba azohembwa $20 000 ariko amwe murayo mahera akaba azotangwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo mu Budagi.

Inyuma y'amajonjora ,ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo mu Rwanda FERWAFA, ryari ryasigaranye amazina 3 munyuma rihitamwo rimwe.

Uretse uyu Antoine Hey yagize amahirwe ,hari kandi na Raoul Savoy aturuka mu Busuwisi na Rui Aguas ava muri Portugal.

Abandi bipfuza ako kazi ariko batarenze ijonjora ryo mu ntango ni Samson Siasia ava muri Nigeria n'umubiligi Georges Leekens .

Antoine Hey yarakinye kera umupira w'amaguru mu gihugu iwabo mu murwi Shchalke 04 akinira hagati, hamwe no muri Birmingham City mu Bwomngereza .

Ka mumenyereza, uyu mugabo yarakoreye mu bihugu vya Gambia ,Lesotho,Liberia na Kenya . Yarakoranye kandi n'imirwi US Monastir wo muri Tunisia na Al Merreikh wo muri Sudan.