Ingurane yo kwiga muri Kaminuza y'Uburundi

Kaminuza y'Uburundi
Image caption Kaminuza y'Uburundi imaze imyaka 50.

Muri kaminuza y'uburundi uyu munsi niho hatangura icese umwaka mushasha w'ivyigwa.

Iyo ntango ihuriranye n'uko leta y'ico gihugu igiye gutangura kuzohora iha abanyeshure ingurane yo kwiga aho kubaha imfashanyo ku buntu nk'uko vyari bisanzwe kuri iyo kaminuza imaze imyaka 50.

Abanyeshure ntibashima na gato iyo ngendo nshasha.

Mu bushikiranganji bujejwe amashure ho bavuga ko bategerezwa kwumva ko ibintu vyose bigenda birahinduka.

Kaminuza y'uburundi yatanguye mu 1964.

Ubu ifise abanyeshure barenga 11.000.

Abashobora kurazwa bakagaburirwa ntibarenga 3000.

Image caption Ministre w'amashure, Janviere Ndirahisha (ari imbere ku ifoto)

Kuva ubu abanyeshure bazohora baronka ingurane yo kwiga aho baronka imfashanyo y'ubuntu.

Iyo ngingo ntibayakiriye neza.

Ministre w'amashure, Janviere Ndirahisha, yababwiye ko bategerezwa kwumva ko ibintu bigenda birahinduka.

N'akazi ngo ntibakwiye bama bikiteze kuri leta.

Inyigisho bahabwa ngo zibategurira kwironderera ico bakora bonyene.