Yorodaniya ibandanije gushira mu ngiro igihano co gupfa

Cumi mu bo Yorodani yanyonze n'abagirizwa iterabwoba ku biro biyiserukiye i Baghdad mu 2003 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Cumi mu bo Yorodani yanyonze n'abagirizwa iterabwoba ku biro biyiserukiye i Baghdad mu 2003

Impfungwa cumi na zitanu zanyonzwe muri Yorodaniya mu gihe ico gihugu kibandanije kuvavanura no kudashira mu ngiro igihano co gupfa.

Yorodaniya yari yarahagaritse ico gihano hagati y'imyaka y'2006 ni 2014, ariko ubu casubiriye gushirwa mu ngiro ukuri kwamye.

Leta ivuga ko muri abo cumi na batanu banyonzwe, cumi bari bahamijwe icaha c'iterabwoba ku biro biyiserukiye i Baghdad mu 2003.

Abandi batanu bari bahamijwe icaha co gusambanya abagore ku nguvu.

Kunyongwa kw'izo mpfungwa zimanitswe ku mugozi vyabaye mu mutwenzi w'uno munsi i Souaga, mu bumanuko bw'intara ya Amman.