Abakorera ikigo gikingira abana bafatiwe kubacuruza

Abapoliti bajejwe iperereza batwaye uwukora mu kigo gikingira abana, Debashis Chandra (hagati), kuri sentare amaze gufatwa Uwufise ububasha kw’isanamu DIPTENDU DUTTA
Image caption Abana bacuruzwa ibihumbi vyinshi vy'amadolari ku miryango itagira abana y'i Buraya na Amerika

Igipolisi c'Ubuhindi kivuga ko cafashe abakozi babiri b'ikigo gikingira abana mu ntara ya West Bengal, bagirizwa gukorana n'umugwi w'abasuma ucuruza abana.

Abo basuma bagurisha inzoya n'abana bato mu buryo budakurikije amategeko, ku barondera abana bo kurera mu bihugu vyo hanze.

Urwego rwa leta rujejwe gutohoza ubugizi bwa nabi ruvuga ko ruriko rurarondera izindi nkozi z'ikibi zitatu.

Gushika ubu abantu batandatu nibo bamaze gufatwa mu bijanye n'ako kamaramaza ko kugurisha abana ku miryango irondera abo irera.

Abo bafashwe barimwo umunyepolitike akomeye wo mu mugambwe uri ku butegetsi, BJP.

Bivugwa ko abana bagurishwa ibihumbi vyinshi vy'amadolari, ku miryango y'i Buraya, Amerika na Aziya.