Trump yagirije Obama kumusumako urusaku mu nyubakwa yiwe

Trump avuga ko ubutegetsi bwa Obama bwamufashe amajwi rwihishwa mu nyubakwa yiwe ya Trump Tower Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Trump avuga ko ubutegetsi bwa Obama bwamufashe amajwi rwihishwa mu nyubakwa yiwe ya Trump Tower

Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagirije uwo yasubiriye, Barack Obama, kuba yarashize ivyuma bifata amajwi muri Trump Tower.

Ibi ngo vyakozwe iminsi mikeyi imbere yuko atsinda amatora y'umukuru w'igihugu yo mu kw'icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Mu butumwa yacishikje ku rubuga hwaniro twitter, bwana Trump nta bimenyetso yatanze ariko avuga ko ico gikorwa cari kibi cane, akigereranya n'igisa nk'ico kizwi nk'akamaramaza ka Watergate, cabaye ku mukuru w'igihugu Nixon mu myaka y'1970.

Ntibizwi neza ico umukuru w'igihugu yashatse kuvuga.

Haciye umwanya muto yasubiye gushigikira umushingwamanza mukuru wa republika, Jeff Sessions, ariko arabazwa ku bijanye n'amasezerano yagiranye n'uwuserukiye Uburusiya imbere y'amatora.

Bwana Trump yanditse kuri twitter yuko umubonano wa mbere watunganijwe n'ubutegetsi bwa bwana Obama.