Abandi bantu ibihumbi 66 bahunze intambara muri Syria

ONU ivuga ko bisasu bitaturitse ari intambamyi ku gikorwa co gutahukana impunzi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption ONU ivuga ko bisasu bitaturitse ari intambamyi ku gikorwa co gutahukana impunzi

Ikigo c'ubugiraneza c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kivuga ko abandi bantu ibihumbi mirongo itandatu na bitandatu bahunze imirwano mu buraruko bwa Syria.

Ico kigo kivuga ko ico gitigiri kirimwo ibihumbi mirongo ine bahunze bava Al Bab hamwe n'umuji wundi uri hafi wa Taduf, bahunze berekeza mu buraruko nyuma yaho abarwanyi bafashwa na Turkiya bafatiye uwo muji.

Abandi bantu ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu bavuye mu bice vyo mu buseruko aho abasirikare ba leta bariko baregereza, bagerageza kugenzura ububiko bw'amazi bw'umuji wa Aleppo.

ONU ivuga ko igitigiri kinini c'ibisasu bitaturitse hamwe n'imitego yasizwe n'abarwanyi ba ki Islam bibangamiye igikorwa co gutahukana abantu.