Imirwano ikomeye mu burengero bwa Mosul muri Irake

Abasirikare ba Irake bateye intambwe mu kwirukana Islamic State mu muji wa Mosul Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abasirikare ba Irake bateye intambwe mu kwirukana Islamic State mu muji wa Mosul

Habaye imirwano ikomeye hagati y'abasirikare ba Irake n'abarwanyi b'umugwi wiyita Leta ya Islam mu burengero bw'umuji wa Mosul.

Umwe mu bagaba b'igisirikare ca Irake yabariye ibiro ntaramakuru, Associated Press, ko iyo mirwano ariyo ikomeye imaze kuba kuva hatanguye ibikorwa vyo gufata uburengero bw'uwo muji, haheze indwi zibiri.

Abasirikare ba Irake, bafashijwe n'indege za Amerika, begeye imbere gushika ku metero amajana y'inyubakwa za leta hafi y'umuji wa kera.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira rivuga ko abantu ibihumbi mirongo ine na bitanu aribo bamaze guhunga imirwano yo mu burengero bwa Mosul.