Francois Fillon ari mu gikorane gikomeye co kwishigikira

Francois Fillon yagirizwa guha umushahara umugore wiwe n'abana ku kazi batakoze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Francois Fillon yagirizwa guha umushahara umugore wiwe n'abana ku kazi batakoze

Mu muji wa Paris hariko harabera igikorane ca politike gikomeye ca Francois Fillon, co kwerekana ko itohoza bari mu kumugirako ritazobangamira kwiyamamaza kwiwe.

Francois Fillon ahiganirwa kuba umukuru w'igihugu w'Ubufaransa mu matora yitezwe mu kwezi kuza.

Yagumye ahakana ivyagiriji vy'uko yakoresheje amahera y'abanyagihugu mu guhemba abo mu muryango wiwe ku kazi batakoze, ariko itororokanya ry'ivyiyumviro ryerekana ko 70% vy'Abafaransa bashaka ko atanga imihoho.

Abarongoye umugambwe wiwe vyitezwe ko bahura ejo kuwa mbere baganire kuri kazoza kiwe.

Umunyamakuru wa BBC ari i Paris avuga ko bwana Fillon akeneye n'imiburiburi ko abantu ibihumbi mirongo itanu bitaba iki gikorane, ariko abamunenga bavuga ko kuzana abantu n'amabisi bavuye ahanini mu ba Gatolika bamushigikiye biza kugorana.