Nigeria yagirije Goodluck kutanegwa abana ba Chibok

Prezida Goodluck Jonathan yagirizwa ko Ubwongereza bwamusavye kumufasha kubohoza abakobwa b'i Chibok akavyanka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Goodluck Jonathan yagirizwa ko Ubwongereza bwamusavye kumufasha kubohoza abakobwa b'i Chibok akavyanka

Leta ya Nigeria ivuga ko leta yayibanjirije yafashe minenerwe gukingira abanyagihugu, nyuma y'ivyagiriji vyuko yanse ubufasha bw'Ubwongereza mu kurekuza abana ba Chibok.

Ikinyamakuru co mu Bwongereza canditse ko mu 2014 igisikare kirwanira mu kirere c'Ubwongereza cabonye aho abo bakobwa bari banyururijwe n'umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram.

Ico gisirikare cabwiye umukuru w'igihugu yariho ico gihe, Goodluck Jonathan, ko comufasha kubarekuza ngo ariko ubutetsi bwiwe buravyanka.

Abari mu butegetsi bwa bwana Jonathan ico gihe, ntaco bashotse bavuga kuri ivyo vyagiriji.