Korea ya ruguru yateye ibigwanisho mu kiyaga c'Ubuyapani

Imbonerakure ya Korea yepfo yerekana inzira ibigwanisho vyaciyemwo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imbonerakure ya Korea yepfo yerekana inzira ibigwanisho vyaciyemwo

Igihugu ca Korea ya ruguru cateye ibisasu bine vyo mu bwoko bwa misile mu karere k'ikiyaga kegukira igihugu c'Ubuyapani, bivyura izindi ngorane.

Bitatu muri vyo vyaguye mu kirere Ubuyapani bwiharije mu vy'ubutunzi (EEZ) bikaba vyagenze uburebure bwi 1 000km, ivyabaye umushikiranganji wa mbere Shinzo akaba yavyise "intambwe nshasha y'iterabwoba".

Vyarasiwe mu ntara ya Tongchang-ri, hafi y'urubibi rw'Ubushinwa mu buraruko, niko igisirikare ca Korea yepfo cavuze.

Ntawuzi ubwoko bw'izo "missiles" zatewe ariko Korea ya ruguru yarabujijwe n'umuryango mpuzamakungu Onu gukora ibigeragezo ivyarivyo vyose vy'ibigwanisho vya "missile" canke vyo mu bwoko bwa "nucléaire".

Igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika munyuma cavuze co cabonye kandi ko cakurikiranye iryo tera ry'ivyo bigwanisho ariko mgo ntabwo vyari bibangamiye Amerika yo mu buraruko.

Image caption Izo "missiles" zatewe na Korea ya ruguru zaguye mu kiyaga c'Ubuyapani

Umuvugizi mfatakibanza w'ubwo bushikiranganji Mark Toner yavuze mw'itangazo ati: " Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamirije ibitero vya "missiles" vyakozwe mw'ijoro, vyahonyanze ingingo z'akanama kajejwe umutekano ka Onu zihaniza Korea ya ruguru kurekura ibisase vyo mu bwoko bwa missile,"niko icegeranyo kivuga.

Ku munsi wa gatanu, ubutegetsi bwa Pyongyang bwaragabishije ko bushobora gutera za "missiles" mu kwihora ku myimenyerezo ya "Foal Eagle" iriko irakogwa hagati ya Korea yepfo hamwe na Amerika.

Korea ya ruguru inbona ko iyo myimenyerezo yoba ifise intego yo kwitegurira kuyitera.